NOUVELLES :
30 décembre 2022 : Festivités avec le Dr. Jackson NAHAYO Quincy

  7 janvier 2023



Gupfunyiriza urugendo abenegihugu mu kubaronsa ivuriro ribegereye, kuronsa ubuzi urwaruka kugira rwoye kwama rureze amaboko gurtyo ruteze imbere ikibano n’umutumba ruvukako hamwe no gushigikira abafise amikoro make ni bimwe mu bikorwa bitazibagirwa n’abenegihugu bo ku mutumba Mugimbu zone Ngoma komine Murwi. Bishikirizwa na bamwe mu banegihugu bo kuri uwo mutumba ni mu gihe kur’uyu wa 30 Kigarama 2022 Dr. NAHAYO Jackson Quincy, umwe mu mvukira zo kuri uwo mutumbu yari yaramutse yipfuriza umwaka mushasha mwiza abafise amikoro make n’abegihugu bo kur’uwo mutumba. Abo benegihugu bemeza ko iyo mvukira imaze kubafasha ibitari bike mw’iterambere, bagasaba ko mbere n’abandi bomufatirako akarorero bagateza imbere aho bavuka na rirya «Uwukize adakira iwabo akiza iwabo».
 
Dr. NAHAYO ahimiriza urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora rutiziganije kandi rugakorera hamwe.
 
Mwomenya ko Dr. NAHAYO Jackson Quincy ari umwe mu banyanywi b’ishirahamwe CDN (Cibitoke Diaspora Network). Ari nawe ariserukira imbere y’amategeko mu Burundi.
Ido n’ido na Patricie NIKUZA yakurikiranye ivyo birori.

 



Plus de Nouvelles