NOUVELLES :
Birababaje kubona abagendana ubumuga badakumira abatagendana ubumuga mu mashirahamwe yabo ariko bo bagakumirwa ku makoperative yo kwiteza imbere

  17 mars 2023



Abagendana ubumuga bakwiriye kuzirikana ko badakumiriwe mu makoperative canke amashirahamwe yo kwiteza imbere akwiragira ku mitumba igize igihugu. Ayo nayo agahamagarirwa guha ikaze abo bagendana ubumuga kuko ngo uwudashoboye kwinjira mw’ikoperative y’uburimyi, ashobora kwinjira muyijanye n’ubworozi canke ubudandaji. Ako kamo gaterwa na bamwe mubajejwe intwaro mu makomine ya Buganda na Mabayi banasanzwe bakurikiranira hafi ayo makoperative ku mitumba.
Ni mu gihe bamwe mubahurikiye mu mashirahamwe y’abagenda ubumuga « Garukira abamugaye » ry’i Mabayi na « ADEPH Buganda » bavuga ko bakumirwa. Gurtyo bagasaba bagasaba ikibano gutahura ko abagendana ubumuga ari abantu co kimwe n’abandi kandi ko bashoboye.
Basaba kandi abajejwe intwaro kubandanya bahimiriza ikibano kuko bigaragara ko hakiri agahaze aho abatari bake bataratahura agateka n’ikibanza kibereye abagendana ubumuga. Mugabo bagatangazwa no kubona ko badakumira abatagendana ubumuga binjira mu mashirahamwe yabo ariko ngo bo bagakumirwa mu mashirahamwe n’amakoperative y’abategendana ubumuga.
Ido n’ido ni mu kiganiro Agateka c’uno musi aho insamirizi CDN ijwi rya Cibitoke ibayagira kubijanye n’uruhara rw’amakoperative mu gutsimbataza agateka n’ikibanza kibereye abagendana ubumuga.

 



Plus de Nouvelles