NOUVELLES :
#Burundi: Ibidandazwa bihinguwe bibwirizwa kwerekana ubuziranenge bwavyo imbere yuko bidandazwa

  3 février 2023



Abahingura ibidandazwa vyinjira canke bisohoka bategerezwa kwerekana ubuziranenge bw’ibidandazwa vyabo mu ntumbero yo gukingira amagara y’abenegihu no kubihiganisha mw’isoko ry’akarere k’afrika y’ubuseruko. Ni imwe mu nyishu Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigabo n’imigambi y’iyinjira ry’u Burundi mur’ako karere Amb. Ezéchiel Nibigira mu kiyago na bamwe mu benegihugu ba komine Murwi muri rwa rukurikirane rw’ingendo z’abagize Reta mu ntumbero yo gusanga abenegihugu ku kivi ngo bayage.

Umushikiranganji Nibigira yemeza ko imicokama ari kirumara ku buzima bw’igihugu. Iyo nayo igashimikira ku rurimi kavukire «Ikirundi». Yashimangiye ko ikirundi gitegerezwa gusubizwa ikibanza caco mu mice itandukanye. Ariko kandi ahimiriza abarundi no kudasiga inyuma ururimi rw’icongereza rukoresha mu karere ka EAC.

Ido n'ido na Damas Mbonimpa

 



Plus de Nouvelles