Ishirahamwe

KUGARAGAZA CDN ICO ARI CO:

Cibitoke Diaspora Network CDN mu mpfunyapfunyo ni ishirahamwe ridaharanira inyungu rikaba rihurikiwemwo n’abavukantara ba Cibitoke baba mu mahanga. CDN yatanguye mu mwaka wa 2018. CDN yugururiwe umuntu wese ku giti ciwe canke ishirahamwe ry’imvukira za Cibitoke ziba mu mahanga zemeye gukurikiza amategeko ashinga ishirahamwe n’amategeko ngenderwako y’ishirahamwe kandi zishigikiye ivyiyumviro, imigabo n’imigambi vya CDN.

Nk’ishirahamwe, CDN yipfuza kuba igikoresho mw’iterambere rusangi y’intara ya Cibitoke vy’umwihariko no mu Burundi bwose muri rusangi.Kwubaka ishirahamwe ry’Abanye Cibitoke baba mu mahanga ryunze ubumwe kandi rikerebutse ku buryo rishobora guterera mw’iterambere ry’intara niyo ntumbero nyamukuru ya CDN.

Kugira tubishikeko, CDN yafashe imikenyuro ibiri nyamukuru:

1. Gutanguza imigambi n’ibikorwa biha akaryo abanywanyi ko guterera no kuyiragiza abenegihugu.
2. Kuba ihuriro ry’úburyó rúsangi ku neza ry’ishirahamwe haba amafaranga, ubumenyi no guhanahana ubumenyi tutibagiye gushira imbere umuco nyamukuru wo gufashanya gufashanya. Kubera ivyo, abanywanyi ba CDN biyemeza kubumbatira umutima w’ubumwe no gukorera hamwe kugira bashobore gushika kuco biyemeje. Nico gituma iciyumviro co gukora neza imirimo, kwubahana, kumenya ico ujejwe, gusabikanya no kuba imvugakuri bitegerezwa kwitwararikwa mw’ishirahamwe CDN.



INZEGO Z’ISHIRAHAMWE CDN:

    ♦ INAMA YA BOSE
    ♦ KOMITE NSHINGWABIKORWA
    ♦ UBUYOBOZI BW’AMAKOMINE
    ♦ INAMA MPANUZWAJAMBO
    ♦ KOMISIYO ZIJEJWE GUSESANGURA IBIBAZO
    ♦ INAMA NSHINGWANTWARO Y’IMIGAMBIA



 
ABAKURU B’ISHIRAHAMWE


 


Christophe Ndihokubwayo
Président actuel
(Juillet 2023 - Juin 2026)


 


Denise Nsanzamage
Ancienne Présidente
(Juillet 2020 - Juin 2023)


 


Jean-Pierre Kikondjo
Ancien président
(2018 - 2020)


 
 
ABAGIZE URWEGO NSHINGWANTWARO KUVA 2023-2026
 
NIM AMAZINA AMABANGA
1 NDIHOKUBWAYO Christophe Prezida
2 MANIRAKIZA Albine Icegera ca Prezida
3 NIYIRERA Rémy Umunyamabanga
4 BUNOKO Jean Bosco Umunyabigega
5 NDABAGIRIYE Agrippine Icegera c'umunyabigega
6 NAHAYO Jackson Quincy Uwuserukira CDN imbere y'amategeko
7 HASHAZIMARI Seth Umuhanuzi
8 NZOTUNGISHATSE Sévérine Umuhanuzi
9 DUSABE Marie Josée Uwujejwe amakomisiyo
10 NSAVYIMANA Innocent Uwujejwe imigambi