Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Mu ntumbero yayo yo guterera mu kurwanya inzara n’ukwihaza mu biribwa , abanye Cibitoke baba/ babaye mu mahanga baratanguje umugambi w’uburimyi.
Ni muri iyo nzira CDN yasavye yongera iraronswa na leta y’Uburundi itongo ryababa uburinganire bwa egitari 7 n’inusu yo kurimamwo ibigori.
Iryo tongo riri mu Nyarure, Komine Mabayi, Intara ya Cibitoke.
Ishirahamwe ryose canke umuntu ku giti ciwe yaronkejwe itongo yategerezwa guteragiramwo ibigori mu kiringo categekanijwe na leta.
Kugira yubahirize ico kirangaminsi, CDN yaciye ija ku bikorwa.
Mu ntango y’ukwezi kwa nzero 2021, CDN yaciye itangura irima ryayo rya mbere.Mu kwezi kwa mukakaro, niho CDN yimbura. Umwimbu ntiwari ushimishije kubera imvo nyishi.Aha twovuga nk’ukubura intabire.
Ariko, irima rigira kabiri riratwizeza ko rizoba ryiza gusumba irya mbere.
Muri kazoza, turipfuza kworora ibitungwa bitanga umwavu kugira bidufashe gutabira uwo murima n’iyindi mirima y’abandi iri muri ako karere.
Umugambi w’uburimyi (2022)
Umugambi w’uburimyi urabandanya isizeni yawo y’irima rya mbere ry’agatasi 2022.Nk’uko twamaze kubibamenyesha, umugambi w’uburimyi uriko urangurirwa kw’itongo rifise uburinganire bwa hegitari zitanu.Igice kingana na hegitari zibiri caramaze guteragirwamwo ibigori n’amateke y’amagande.Kiramaze no kubagarwa isuka ya mbere.Ahasigaye naho, bitegekanijwe ko hazoteragirwa amagande yonyene mu ndwi izotangura kuwa 5 nyakanga. Muri uyu mwaka, turizeye ko umwimbu uzogenda neza gusumba mbere kuko twatereye igihe.Mu gihe isi yose yugarijwe n’ubukene bw’ibifungwa, twibaza ko CDN izoba ifashije abenegihugu b’intara ya Cibitoke n’Uburundi bwose guhangana n’ibibazo bijanye no kwihaza mu biribwa.
INSIGURO Y’AMASANAMU Y’UMURIMA WA CDN I NYARURE
Imyaka ibiri iraheze CDN yihaye intumbero yo guterera mu kurandurana n’imizi ikibazo c’inzara mu Burundi. Ishaka ryo gushira mubikorwa ico ciyumviro ryaribonekeje bikwiye, aho abanywanyi batari bake bashize inguvu hamwe mugushigikira ibikorwa vy’uburimyi kuncuro zibiri zose. Ariko kubera imvo zitandukanye, ikirere n’ibindi umwimbu ntiwigeze ushimisha. Naho biruko, ntibacitse inguvu, kuko no kuri iyi
Sizeni (A)
kuncuro igira gatatu CDN iri mur’uyu mugambi, baritabiriye ibikorwa vy’irima ukuri kwamye. Kukaba nkako, itongo ryacu ryose ryarashoboye kurimwa rirateragirwa. Igize kingana na hegitari 3.2 giteragirwamwo ibigiri n’amateke y’amagande. Ikindi gice ca hegitari 1.6 cateragiwemwo amateke nyene n’isoya. Ahangana na hegitari 0.66 ntiharimwe kuko tuhafitiye umugambi wo kuzohororera ibitungwa kugira turonke umwavu twoza turikorako mugutabira umurima.
Ibikorwa nyezina vyatanguye kwigenekerezo rya 15 Ruheshi 2022, kwigenekerezo rya 18 Mukakaro iteragira riba riratanguye. Nkuko vyibonekeza kuri aya masanamu, ibi bigori mubona inyuma yamezi atatu gusa biteye igomwe. Uyu mwaka dufise icizere ko umwimbu uzoba mwiza gusumvya.
Tukaboneraho akaryo ko gutera intege abanywanyi bagikekeranya kwinjira muri uyu mugambi ko bokwiyegereza abandi dushira inguvu hamwe, mugushigikira uyu mugambi ngiraramaro kubanyagihugu.
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com