INKURU :
Abaserukira abandi mu madini basabwa gufata iyambere mu gutsimbataza agateka n’ikibanza vy’abagendana ubumuga

  16 ntwarante 2023



Gukoresha imvugo zikomeretsa abagendana ubumuga, kudaserukirwa mu bisata nyobozi vy’amadeni hamwe no kubandanya hubakwa inyubako zitorohereza abagendana ubumuga mu masengero bashengereramwo ni zimwe mu ntambi zicibonekeza mu madini ya kino gihe.
Bivugwa na bamwe mu mashirahamwe y’abagendana ubumuga mu ntara ya Cibitoke na cane cane ahasanzwe harangurirwa umugambi « TURASHOBOYE » ushirwa mu ngiro n’urunani rw’amashirahamwe y’abagendana ubumuga mu Burundi « UPHB » rufadikanije n’amashirahamwe ZOA Burundi na VNG International n’ayandi akorera mur’ico gisata.
Muri kino kiganiro, abaserukira amadini ntibahakana ko izo ntambamyi zitibonekeza. Yamara, barashikiriza ivyokorwa kugira umuti urama uboneke. Ido n’ido ni muri kino kiganiro.

 



Plus de Nouvelles