INKURU :
AGACIRO N'IKIBANZA KIBEREYE C'ABAGENDANA UBUMUGA

  2 ruhuhuma 2023



Uwugendana ubumuga si ikimuga kandi si n’igicibwa mu ngo no mukibano ahubwo akwiye guhabwa agaciro n’ikibanza kibereye co kimwe nk’ikindi kiremwamuntu. Bivugwa na bamwe mu banywanyi y’amashirahamwe ya «ADPH» Buganda na « Garukirabamugaye » Mabayi. Abo bagendana ubumuga bahamagarira zina muntu wese kwubaha no kwubahiriza agateka kabo. Gurtyo bagahamagira n’imiryango ifise abana bagendana ubumuga kutabanyegeza nayo abipfuza kwiga bakigishwa kuko ngo abagendana ubumuga nabo barashoboye. Ivyo bishikirizwa na AKIMANA Chadia na NZISABIRA Willy #ADPH_Buganda hamwe na NIRINGIYIMANA Jean Nestor ndetse na Christophe Bin MUHARI #Garukirabamugaye_Mabayi mu kiganiro #AGATEKA categuwe congera gishikirizwa na NIYONKURU Augustin SOTO.
 



Plus de Nouvelles