INKURU :
Agateka ka bagendana ubumuga mu gutorana mu muryango
15 ruhuhuma 2023
Ikiganiro « Agateka kawe» co kuri uyu tubayagira ikijanye no gutorana mu miryango bavukamwo. Niyonkuru Augustin akibategurira akongera akakibashikiriza aganira na bamwe bo mu mashirahamwe y’abagendana ubumuga bo mu makomine ya Buganda na Mabayi mu ntara #Cibitoke. Bagasaba kudakumirwa no gusangira ibisigi co kimwe n'abavukanyi babo. Iki kiganiro kikaba kiri mu biganiro bitunganywa na radio CDN ijwi rya Cibitoke ifashwe mu mugongo n’Urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi #UPHB biciye mu mugambi #Turashoboye. Ikaze mw’ido n’ido.