INKURU :
Amagara yo mu mutwe ahuriye kuki n’iterambere?

  3 kigarama 2023


Iyo amagara yo mu mutwe atameze neza, haduka inyifato zitamenyewe. Muri ico gihe, itunganywa ry’imigambi yo kwiteza imbere ntirishoboka. Alexis Nibigira, yanonosoye ivy’inyifato n’imibano, yabishikiririje mu ruganda rwabereye ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke. Intumbero yarwo yari iy’ugutahuzanya isano riri hagati y’amagara yo mu mutwe n’iterambere.





Uwo muhinga yatanze icigwa yifashishije indangurakintu dukesha ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS igira iti: « Amagara yo mu mutwe ni ukumererwa neza gutuma umuntu yiyumva neza aho abaye. Ni kandi ugushira ingabirano n’ubwenge vyawe ku kivi, guhangana n’ingorane z’ubuzima bwa minsi yose, gushira mu ngiro neza ibikorwa vyo kwiteza imbere ku muntu no mu kibano. »

Abandanya yerekana ko iyo amagara yo mu mutwe atosekaye, hakurikira ihahamuka. Iryo naryo ngo riterwa n’ibibi umuntu yabayemwo, yumva, yakoze canke yakorewe muri kahise. Aranatomora ibimenyetso biranga uwahuye n’izo ngorane. Atangurira k’uwifata nk’aho akiri mu vyago aba yaragize. Aha atanga akarorero k’umuntu ashobora gusinzira atarwaye hanyuma akarazirana, akavumbuka adondagura bimwe yigera kubamwo canke asanzaza ibimuri i ruhande.

Nibigira atandukira abahitamwo guhunga ukwumva, ukuvuga ico cose cotuma yibuka ivyamushikiye. Ica nyuma avuga ni ukugaragaza inyifato itamenyewe ubonye ibisa n’ivyigeze kugushikira. Akarorero atanga hano ni ak’umuntu azi yiruka akanata hasi ivyo yikoreye, hamwe n’uwuyorwa iyo babonye abajejwe umutekano. Asigura ko iyo nyifato iva ku guhahamurwa n’ivyo bene kuyigaragaza baba barakorewe n’abameze nk’abo bantu baba babonye.

Ku bw’uwo yanonosoye ivy’inyifato n’imibano, iyo ihahamuka ryarenze urugero, hakurikira ukurwara mu mutwe. Anahishura ko iyo mwene uwo murwayi amenagura, akonona ibintu n’abantu, akiruka aja mu bisagara... kuba ari ukugaragaza agashavu. Kandi ngo ni ukwagiriza ikibano ko ata co camufashije mu vyago aba yarahuye navyo.



Akahise tukavure hakukiyibagiza

Aha Alexis yifashisha ivyabaye muri Afirika y’epfo. Ukuvura akahise k’ico gihugu ngo kwarirengagijwe. Bituma n’ubu hakiriho abishuza. Agacishamwo ati: « Muri za kaminuza [zo muri ico gihugu], abanyeshure baracandika ku rubaho bati: We need our lands [Dukeneye amatongo yacu]. Ayo matongo bavuga, yubatsweko amahinguriro [n’abazungu] kuva mu kinjana ca 18 ». Ashishikara avuga ko igihe Nelson Mandela [uwaharaniye ukwikukira kw’ico gihugu] ava mu munyororo [yamazemwo imyaka 27], urwaruka rwari ruzi ko azoca arushuhurira ku bazungu, rukabihora, rukabanyaga, rukisubiza ubutunzi kama abenegihugu batakaje. Ariko iyo ntwari ngo yagize iti: « Tubagiriye nk’ivyo badukoreye, nta ho twoba dutandukaniye nabo. »



Alexis Nibigira, umuhinga mu vy’inyifato n’imibano

 
Abandanya ashira ahabona ko iyo umuntu ashikiwe n’ingorane z’ihahamuka, zimumaramwo imyaka 59 kugira ngo zikize. Vyumvikane ko abenshi mu bantu bagendana izo ngorane, ata gikozwe bazozipfana. Inyuma y’amezi atatu naho, nyene guhura nazo, zishobora gutangura kumutera uguhindura inyifato, akigenza ukutarikwo. Habaye ukurekerana, abantu badukana ubugizi bwa nabi. « Uwujejwe intwaro yikoza ku muntu ngo agirire isuku aho abaye, nyene kubwirwa akamurwako akegagura. Ikindi, umutahe w’amafaranga rusangi ugahomba ku rugero rwa 98% kuberako abo ushikiyeko baciye bayagira nk’impozamarira, bakabona ko itoshikira abo bacanyemwo », yerekana.


Mu mutwe hahungabanye, iterambere ni umugani

Mu mbono y’uwo muhinga, hariho abantu kubera kahise kabakomerekeje, gushika ubu baguma bikumira, bakumva ko batakaje mbere n’icizere ca kazoza. Abo bantu, « biragoye ingene bashobora kuja mu bikorwa vy’iterambere. Ugasanga naho bosabwa kuja hamwe n’abandi mu bikorwa vyo kwiteza imbere, n’ivyo igihugu cobaha canke amashirahamwe yo kwiteza imbere yobaha, boca babihomvya kuko ata mutima wo kwizerana baba bagifise », asigura.

Yongera ati: « Mu barundi, hariho abagize nabi n’abagiriwe nabi. [Mugabo] Hariho abadashaka kwemera ko atari bo bonyene bababaye, ugasanga bagomba kubwira abandi ko bo ata co babuze. Nk’ubu uravye ivyabaye [mu Burundi], usanga abenshi bavuga bati : ni twe twababaye. Ugasanga bariko baravuga imvugo ikomeretsa abandi, imvugo ikurako urupfasoni abandi. Wa wundi aba ariko aravugwa nabi, bariko begekako amabi, nawe aca ashavura. » Uwo yize ivy’imibano abona ko abarundi bokwemera ko « bose bababaye ». Hanyuma ngo bakiga gutahura abandi kugira ngo « tuvugane ukuri ku vyabaye. Umuntu atisizemwo ko ari we yababaye gusumba abandi. »

Abari muri urwo ruganda baragize ivyo biyemeza, bagiye kuzokora bifashishije ivyo vyigwa. Alexis Sibomana, umunyamabanga ntayegayezwa muri komine ya Buganda agira ati: « Tugiye kwitwararika guhimiriza, na canecane mu kibano. Kugira ngo umuntu azokwerekana ibimenyetso twabonye, [abenegihugu] bamenye uko bomwiyegereza. Bakamufasha gushikira uwo bafitaniye ibibazo [mu rugo canke mu kibano]. Bakayaga, bagashika no ku gusabana imbabazi. » Na Mama Léatitia Irakoze ntaja kure y’ivyo. Uwo yihebeye Imana agaruka ku guhimiriza abemera. Atera akamo baba abo mu ntwaro, amashirahamwe eka no mu ngo bose kugira uruhara, bagatanga intererano zabo.

Mu kuvura akahise kabi ata we gakomerekeje, uwo yatanze inyigisho asaba abarundi gutahura ko bagiriraniye inabi. « Bagatahura ko bose bababaye bivuye ku bihe igihugu caciyemwo. »  Abahamagarira kuvugana ukuri gutyo ukurekuriranira gushoboke. Anatumirira umuntu wese afise ijambo mu kibano gufasha kugira ngo ivyabaye ntibizosubire.




Anicet Saïdi, umuyobozi mwishikira mu biro vy’intara ya Cibitoke


Nayo umuyobozi mwishikira mu biro vy’intara ya Cibitoke amenyesha ko ihungabana ryo mu mutwe muri iyo ntara ritari agaseseshwa rumuri. Anicet Saïdi ahamagarira abakurikiranye izo nyigisho kuzozikoresha mu gufasha abahuye n’izo ngorane mu kibano.

Mwomenya ko urwo ruganda rw’iminsi ibiri rwatunganijwe ku bufatane bw’amashirahamwe ATCP, BLTP, CENAP, ASSEMAJI, AJEBUDI-YAGA na Interpeace. Yabicishije mu mugambi « Urunani ku bw’ugushira imbere amahoro n’iterambere mu Burundi ». Urwo ruganda rwitabiwe n’abajejwe intwaro, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amadini n’imigambwe kuva ku wa 30 Munyonyo 2023.

 


Plus de Nouvelles