INKURU :
CDN MU NCAMAKE

  29 ruhuhuma 2024





UBURIMYI: IGITERWA C’IBIJUMBU


Guterera leta mu gikorwa c’iteka co kugira umunwa wose uronke ico urya niyo ntumbero y’ishirahamwe CDN. Abanye Cibitoke bategerezwa kwihaza mu biribwa. Ni muri iyo ntumbero, CDN yarimye umurima munini w’ibijumbu mu Nyarure mure Komine ya Mabayi. Ugiseruka kure, ubona umurima utotahaye, uteye igomwe.Muri kino gihe, turiko turawubagara. Mudukundire twibutse abadukurikirana bose ko mu kwezi kwa gatandatu ko tuzoba tuzoba twamaze kubisoroma.
 
 
 



INTWARO:
GUSHIRAHO URWEGO NSHINGWANTWARO RW’UMUGAMBI W’IRADIYO CDN


Kw’igenekerezo rya 17 ruhuhuma 2024, harashizweho Urwego Nshingwantwaro rw’iradiyo CDN – Ijwi rya Cibitoke. Uru rwego nirwo rujejwe gukurikirana buri munsi ibikorwa vy’iradiyo.



ADMINISTRATION :
VUBA CANE….


Urundi Rwego Nshingwantwaro rw’Umugambi w’uburimyi rugiye gushirwaho kugira ngo uyo mugambi nawo ushobore kwigenga haba mu.



 
 



INYUBAKO: UMUGAMBI WO KWUBAKA ICICARO GIKURU CA CDN


Uwundi mugambi munini werekeye inyubako y’Icicaro gikuru c’ishirahamwe CDN. Ibikorwa bizorangungwa n’uburyo butanzwe n’abanywi b’ishirahamwe, amahera yinjizwa n’imigambi itandukanye ishirahamwe rimaze gushinga ndetse n’ingurane izotangwa n’ibanke.



 
 


BIRACAZA…
 

CDN IGIYE GUTERERA KWUBAKA KIJAMBERE IKIRARO CA NYAMITANGA
CDN izofashanya n’intwaro mu kwubaka ikiraro ca Nyamitanga cabomotse mu gihe c’intambara


INYUBAKO

UMUGAMBI WO KWUBAKA ICICARO GIKURU CA CDN NICO GIKORWA CA MBERE KIZOKWUGURURA IBIKORWA VY’UWO MUGAMBI. TWIZEYE NEZA KO IBIKORWA VY’INYUBAKO BITAZOGARUKIRA KURI IYO NYUBAKWA GUSA. BIZOKOMEREZA NO KU BINDI BIKORWA NK’IVYO MU BISATA BITANDUKANYE NA CANE CANE NKO MU GISATA CA MUKERARUGENDO N’IBINDI.





 
 

GUTOZA UBURYO BWO GUFASHA ABANA BAGENDANA UBUMUGAUgutoza uburyo bwo gufasha abana bagendana ubumuga ni uwundi mugambi munini turiko turategura kugira dushobore gusahiriza abana b’igihugu batagize amahirwe nk’ay’abandi.
• MUFISE IKIBAZO CANKE IYINDI NTERERANO?Andikire ubuserukizi bw’Ishirahamwe imbere y’amategeko:
Mail : cdnrepresentative@gmail.com
Phone : 69515815 (Mu Burundi)
              0032471843983 (Mu makungu)

• GUFASHA ABAHUYE N’IBIZA Gufashanya no gushigikirana na cane cane mu bihe vy’ivyago biri mu migambi n’ingendo ya CDN. Ni vyiza ko uwo mutima tuwukomeza no mu bandi benegihugu.
 


 
 



 

“Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze”- Umugani wa ba sogokuru -



 


Plus de Nouvelles