INKURU :
Kugira 'Ubuntu Mu Bantu' ni wo mushinge ushikana kw'iterambere rusangi kandi rirama
13 ruhuhuma 2023
Kugira ubuntu mu bantu no kwerekana ko ataho iterambere rikumiriwe / ritoshoboka. Ni kimwe mu vyatumye Dr. Jackson NAHAYO Quincy atunganya igiteramo mu gutumira umuririmvyi azwi kw’izina rya ‘ MKOMBOZI’ kugira yifadikanye n’abenegihugu bo ku mutumba Mugimbu zone Ngoma komine Murwi. Dr. NAHAYO ahamagarira urwaruka n’abandi bose babishoboye guteza imbere aho bavuka gurtyo iterambere rusangi rirushirize gusasagara.