INKURU :
Ishirahamwe CDN rije kwegeraniriza abenegihugu kukivi kugira bagwize umwimbu

  23 nzero 2025



Mu Burundi igisata c'uburimyi ni kirumara cane mw'itunganywa ry'ubutunzi bw'igihugu.

Abenegihugu batunzwe ahanini nibiva muri ico gisata nkivyerekeye ibifungurwa. Nkuko bishikirizwa n’Umushikirangaji ajejwe uburimyi, muri ico gisata haracakoreshwa uburyo bwa kera mu kurima¹ n'izindi ntambamyi ntizibuze aha twovuga nk'itituka ry'isi,nko kudakoresha ifumbire kurugero rukwiye, ihindagurika ry'ibihe rikwega ingorane, no kutamenya kubika amazi kugira aze akoreshwe mu kuvomera hamwe nuko abikorera ivyabo badahurumbira gushira imitahe yabo muri ico gisata. Ishirahamwe CDN ryaje guterera agacumu k’ubumwe mu kugerageza gutorera umuti uko bishoboka kwose ivyo bibazo vyugarije ico gisata.

Ni muri iyo ntumbero CDN yishinze kwegeraniriza abenegihugu kukivi kandi bakabironkeramwo akarusho mukuringo kirerekire.
Muri ivyo bikorwa vyayo CDN yifuza ko abenegihugu bo mu Cibitoke bokwisununura mumibereho yabo biciye muri ubwo burimyi bwunguka.

Ishirahamwe CDN mu mirima yaryo rikoresha ubuhinga bwiza bwo kurima arico gituma bizeye kuzoronka umwimbu ushimishije gutyo rikaba ririko riraterera mu gutuza inzara, gufungura nabi hamwe n'ubukene.

CDN kandi ikoresha imbuto zirobanuye z'ibiterwa mbumbarugo nk’ibigori, ibiharage n’isoya.

Guryo ibifungurwa bizoboneka kubwinshi kubenegihugu bo mu Cibitoke Kandi mugihe c'umwanya muremure naho igwirirana ry'abantu rishobora kuba intambamyi.



¹ Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi


Plus de Nouvelles