INKURU :
Uburimyi bwifashe gute?

  14 nzero 2025



Pascal Nduwimana ajejwe imirima arabitwiganira

Ndabaramukije banywanyi ba CDN.

Aha muriko murabona naho twateye ibiterwa vy'isoya hamwe n’amateke. Nkuko muvyibonera vuba cane tugiye gusarura isoya hanyuma dukurikizeko amateke.
Aha naho nihamwe twabonesha tugakuraho agashamba muca mwumva ko hari haraye igihe kitari gito imbere yuko nshika aha hantu.


 

 

Pascal Nduwimana

Arabandanya kutuyagira

Ndasubiye kubaramutsa.
Aha muriko muriko murabona kuri aya masanamu nahatwawe nabariko barahageragereza igiterwa umuceri habanje kwakwa CDN.
Vyongeye aha hantu twari twahakuye umwimbu ushimishije w'ibiharage n'ibigori.
Muri make uko Niko ibintu vyifashe


Intambamyi
Ubuyobozi mu vyo bujejwe harimwo uburimyi mu ntara (DPEAE) bwaragabanije uburinganire bw’itongo twarimamwo. Kuri hegitari zitanu yadusigarije zibiri gusa.

HAKOZWE IKI?
Ikibazo twaragishikirije Nyakubahwa Buramatari w’intara.Twizeye ko azodutunganiriza kugira tubandanye duterera agacumu ku bumwe mu kurwanya inzara mu gihugu cacu.


 


Plus de Nouvelles