Nk’uko musanzwe mubizi, ishirahamwe CDN ryarashinze iradiyo mu ntara ya Cibitoke iherereye mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu c'Uburundi ikaba ifitiye akamaro kanini abanyagihugu bo muri iyo ntara kuko ibashikiriza amakuru yibibera aho baba kandi abungura ubumenyi ikongera igaha amakuru akenewe kubantu bakurikirana ivy'aburimyi n'ibidukikije.
Vyongeye iyo radiyo iraha akaryo abanyagihugu bo kugira uruhara runini mw'iterambere nkabagwizamwimbu, nkabitegurira imigambi y'iterambere. Ni karahara mu ruganda ntibacure. Iyo radiyo rero iraha ijambo abanyagihugu bakagira ico bashikiriza kubiriko bibera aho baherereye. Ikindi naco yibanda cane ku makuru abanyagihugu bo mu Cibitoke bakeneye kandi n'iradiyo y'igihugu itobashikirako.
Iyo radiyo CDN yashinze irafasha iryo shirahamwe gushikira ivyo ryiyemeje :
- Gutera intambwe tuva muvyakera tuja muri bishasha hamwe n'iterambere, cane cane mu burimyi buri no muvyo CDN isanzwe itereramwo kuko iyo radiyo ;
- Irahimiriza abanyagihugu kudasigara inyuma mw'iterambere ni kugira imibereho myiza ;
- Irafasha guha ubumenyi abarimyi bitakunze ko baja kw'ishure.
- Irashikira abarimyi, abarimu b'indimo bitakunze ko bashikira.
- Iratanga amakuru akenewe cane araba iterambere ry'abanyagihugu nk’akarorero : uburyo bushasha bwo kurima, ibiraba imbuto zirobanuye, amatariki yo gutera, ubuhinga bwakijambere bwo kurima, gukingira isi, ingene bodandaza ivyo bimbuye, ingene bobungabunga umwimbu, hamwe no kutaguma batera imbuto imwe .
- Iyo radiyo iraha akaryo abarimyi ko guhana amakuru hagati yabo hamwe no kuvugana nababafasha muri iryo terambere (Abo nabo ni abarimu b'indimo).
Plus de Nouvelles